Uko wahagera

Aziya Yuzuyemo Abatunze za Miliyoni Benshi


Abakire bakomeye cane mu karere ka Asiya, batunze cane kurusha abanyemali bo mu bindi bice vyo kw’isi, harimwo Amerika yo mu buraruko, n’Ubulaya.

Ivyo bitangazwa n’icegeranyo c’ikigo c’amategeko, Capgemini.

Ku bw’ico cegeranyo, amatungo y’abakire bakomeye cane, muri Asiya, yari afise agaciro k’imiyaridi ibihumbi cumi n’indwi n’imiliyoni amajana ane mu mwaka w’i 2015. N’kuvuga ibirenga incuro zibiri imiliyaridi ibihumbi umunani n’imiliyoni amajana ane, bari bafise mu mwaka w’i 2006.

Mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko, amatungo abakire bakomeye cane yiyongeye, mu kuva ku miliyaridi ibihumbi cumi na kimwe n’imiliyoni ijana, mu mwaka w’i 2006, ashika ku miliyaridi ibihumbi cumi na bitandatu n’imiliyoni amajana atandatumu, mu mwaka w’i 2015.

Igitigiri c’abakire bakomeye cane mu karere ka Asiya, ciyongeye icenda n’ibice bine kw’ijana mu kiringo c’umwaka umwe.

Icegeranyo c’ikigo, Capgemini, catangaje ko hari abakire bakomeye cane bo mu karere ka Asiya imiliyoni zitanu n’ibihumbi ijana, mu mwaka w’i 2015.

Benshi muribo, n’ukuvuga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana indwi, bava mu gihugu c’Ubuyapani, mu gihe uwundi muliyoni muribo bava mu gihugu c’Ubushinwa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise abakire bakomeye, bavugira mu miliyoni n’imiliyoni y’amadolari, imiliyoni zine n’ibihumbi amajana atanu.

Icegeranyo c’ikigo Capgemini, casanze abakire bakomeye cane, bavugira mu miliyoni n’imilliyoni y’amadolari, bongereje amatungo yabo, ibigera ku bice cumi kw’ijana, mu mwaka w’i 2015, umuntu abigereranije n’ibirenga gato ibice bibiri kw’ijana vy’abakire nkabo, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, na Canada.

Amatungo y’abakire bakomeye cane muri Asiya, ashimikiye cane cane ku bisata vy’amabanki, ubuhinga bwa none hamwe n’ubuvuzi.

XS
SM
MD
LG