Uko wahagera

Kazoza k'Ubwongereza muri Kamarampaka


Itora rya Kamarampaka ryakozwe kuri uno musi mu Bwongereza. Ku mushaha w'abatora, hari ibibazo birimo abimukira, ubwigenge bw’igihugu umutekano, hamwe na kazoza kerekeye ubutunzi. Icyari kigamijwe ni kumenya niba Ubwongereza coguma, canke cova mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi.

Mu gihe Abongereza bariko baja gutora, ivyatohojwe kuvyo abanyagihugu biyumvira, vyerekanye kw’impande zibiri zitandukanye kuri ico kibazo, zegeranye cane mu matora.

Vyari vyitezwe kw’igitigiri c’abari kwitaba amatora, kiba kiri hejuru cane. Ivyo inyuma y’igikorwa c’ukwiyamamaza, camaze amezi abiri, cashimikiye ku kibazo c’abimukira, ikibazo kidahuriweko na bosemu gihugu aho urugero rw’abimukira rwiyongeye incuro zibiri, kuva mu mwaka w’i 2000.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, David Cameron, yagiye imbere y’abasaba ko Ubwongereza buguma mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi.Yatoye hafi y’ibiro vyiwe, mu gitondo co ku musi wa kane.

Cameron, hamwe n’abandi badashigikiye kw’Ubwongereza buva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, bavuga kw’ubutunzi bw’igihugu buzogeramirwa bikomeye, niyo Ubwongereza bwava muri uwo muryango.

Abitegereza ibintu bavugako kazoza ka politike k’umushikiranganji wa mbere, David Cameron, kazofatira ku bizoba vyavuye muri referandumu.

Niyo ingingo y’abatora, uno musi ku wa kane, yaba ukuva mu muryango w’ubumwe bw’Ubulayi, abitagereza ibintu bavuga ko Cameron, azoba atakaje icizere abanyagihugu bamufitiye.

Muri ico gihe, nya bundi buryo azoba afise atari ugutanga imihoho. Ikintu gushika ubu yamenyesheje ko atazogira.

XS
SM
MD
LG