Uko wahagera

Ubwongereza:Ubufaransa Bwazitiye Infashanyo y'Impunzi


Imyigaragambyo ishyigikiye impunzi imbere y'Ambasade y'Ubufaransa i Londre mu Bwongereza ku italiki ya 18 y'ukwezi kwa 6 umwaka wa 2016.
Imyigaragambyo ishyigikiye impunzi imbere y'Ambasade y'Ubufaransa i Londre mu Bwongereza ku italiki ya 18 y'ukwezi kwa 6 umwaka wa 2016.

Igihugu c’Ubufaransa cankiye imiduga igera ku 250 ivuye mu Bwongereza kurengana. Iyo miduga yari itwaye imfashanyo mw’ikambi ry’abimukira barenga ibihumbi bine basanzwe bari mu buraruko bw’Ubufaransa mw’ikambi riri hafi y’igisagara ca Calais ku mupaka w’Ubwongereza n’Ubufaransa.

Ivyo vyatumye abari batwaye izo mfashanyo, bava murizo modoka, baja ku mupaka aho baciye bakorera imyiyerekano.

John Rees yar’ayoboye iyo mfashanyo yavuze ko bagize iyo myiyerekano kugira biyamirize igikorwa co kwanka kwakira impunzi n’ingingo zijanye n’abimukira.

Bashaka kandi no gutanga ubutumwa bukomeye bwo gushigikira impunzi kandi ko atari abongereza bose bashigikiye imvugo y’amacakubiri yashikirijwe igihe co gutora uwutwara igisagara ca Londres, mu Bwongereza, no mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.

Rees yavuze kandi ko nimba ama Reta adashoboye gufasha abo bantu, boreka abanyagihugu batobato bakabitaho.

Abajejwe umutekano mu Bufaransa bavuze ko babikoze kugira barinde umutekano mur’iki gihe hari inkino z’umupira w’amaguru zihuza ibihugu vya Buraya.

XS
SM
MD
LG