Uko wahagera

ONU Ikomeje Guhanura Abarundi


ONU isaba ko haba intambwe ziboneka zigenewe guhagarika uruhagarara ruri mu Burundi. Inyuma yuko barangije urugendo mu Burundi, abahinga batatu b’ivyerekeye agateka ka muntu bo mu murwi wigenga ijejwe itohoza ONU ku vyerekeye Uburundi, mu mpfunyapfunyo, UNIIB, ni bo babisabye bari i Bujumbura.

Christof Heyns, umwe muri abo bahinga ayaboye umurwi UNIIB, avuga ko imwe mu ntambwe ziboneka zabaye kuva mu ntango z’umwaka ari ukugabanuka gukomeye kw’igitigiri c’abantu bagandagurwa. Amenyesha ko bavyakira neza cane.

Pablo de Greiff, uwundi muhinga w’umurwi wigenga ujejwe itohoza w’ishirahamwe ONU ku bijanye n’Uburundi, UNIIB amenyesha kw’impungenge zikomeye zerekeye agateka ka muntu zikiriho, kandi ko ata bimenyetso ko kuzimanganya abantu n’ukubafata bunyamaswa vyagabanutse.

Abahinga b’umurwi UNIIB, batangaza kandi abanyepolitike batari bake bagipfunzwe, kandi ko gufata abantu ikivunge vyasubiye kwiyadukiza mu misi ya vuba, ibintu bigeramiye cane cane abanyagihugu basanzwe, harimwo n’abana.

XS
SM
MD
LG