Uko wahagera

Abadiplomate b'Amerika Banebagura Obama kuri Siriya


Robert Ford, yahoze ari Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gihugu ca Siriya, yatangaje ko atari ibintu bishika kenshi, nimba bitanarigera biba kw’abadiplomate barenga 50 banebagura Perezida. Abo badiplomate ntibemeye ukugene Perezida Obama, yavyifashemwo ku bijanye n’ingwano mu gihugu ca Siriya.

Ivyo Robert Ford, yabaye Ambasaderi gushika mu mwaka w’i 20144, yabitangarije Ijwi rya Amerika, uno musi ku wa gatanu, kw’inyuma yuko urwo rwandiko rugiye ahabona. Urwo rwandiko rusaba ikoreshwa ry’ibitero vy’indege za gisirikare kuri Reta ya Siriya.

Ako kamo k’iyongerezwa vy’ibikorwa vya gisirikare vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ku ntwaro ya Siriya, biratandukanye bikomeye n’imigambi yo muri iki gihe ya Reta ya Obama ishimikiye cane cane, ku gufasha abarwanya ubutegetsi gutuza Reta ya Kiyislamu, n’ugufasha utwigoro tw’ugushiraho Reta mfatakibanza muri Siriya.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwemeje kw’urwo rwandiko ari urw’ukuri, yamara ntibwashatse kuvuga ku biri muri urwo rwandiko.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, mu gisagara ca Copenhague, kuruyu wa gatanu, umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yatangaje ko azoganira ivyerekeye urwo rwandiko niyatahuka i Washington.

XS
SM
MD
LG