Uko wahagera

Iraki: Inteko za Reta Zashitse Hagati muri Fallujah.


Inteko zidasanzwe z’igihugu ca Iraki zasubiye gufata ikibanza kirimwo inyubakwa za Reta, mu gisagara ca Falllujah, cari mu minwe y’a Reta ya Kiyisilamu, uno musi ku wa gatanu.

Ivyo bibaye inyuma y’ingwano yari imaze hafi y’ukwezi.

Inteko z’igihugu ca Iraki, zifashijwe n’ibitero vy’indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zashoboye gutuza abarwanyi ba Reta ya Kiyislamu, mu gice co hagati mu gisagara ca Fallujah.

Umutegetsi mukuru w’igiplisi ca Iraki, Liyetena Jenerali, Abdulwahab al-Saadi, avugako guhabuza ikibanza kirimwo inyubakwa za Reta, ari ikimenyetso cuko Reta yasubiye kwuhairiza ubutegetsi bwayo muri ico gisagara.

Reta ya Kiyisilamu yafashe igisagara ca Fallujah, mu mwaka w’i 2014. Yamara inyuma y’ugutana mu nmitwe gukomeye mu kiringo c’ukwezi kurangiye, inteko za Reta ya Iraki zarashoboye gusubira gufata hafi y’igice c’ico gisagara.

Abarwanyi ba Reta ya Kiyisilamu, bavurwako bahungiye mu burengero bw’igisagara ca Fallujah.

Ku bw’abategetsi bajejwe umutekano, benshi mu baywanyi ba Reta ya Kiyisilamu bahunze igisagara ca Fallujah, muri iyi ndwi imbere y’igitero ca nyuma c’inteko za Reta, mu kwihindura nk’abasivile bariko bahunga ingwano.

XS
SM
MD
LG