Uko wahagera

Ibindi Bihimba vy’Indege ya EgyptAir Vyatowe


Ubwato bw’abafaransa bwaratoye ibisigarira vy’indege y’ikimpanyi y’indege ya Misiri EgyptAir yazimiye inyuma yaho igwiriye mw’ibahari mediterane mu kwezi guheze igahitana abantu 66 bari muri yo.

Abahinga ba Misiri bagira amatohoza bamenyesha ko ivyuma vy’abafaransa biri mu mazi vyatoye ibihimba vy’iyo ndege ibwina mu kiyaga ku metero zishika 3000 umanuka hasi.

Gushik’ubu ntakiramenyekana cateye iryo sanganya ry’iyo ndege yariko iva I Paris yerekeza muri Misiri kw’italiki ya 19 z’ukwezi kwa gatanu.

Abategetsi ba Misiri gushik’ubu ntibaremeza ko iyo ndege yazize ibikorwa vy’iterabwoba kandi nta muhari n’umwe uremanga ko wabigizemwo uruhara.

XS
SM
MD
LG