Uko wahagera

Afuganistani Ntibavuga Kumwe Kuvyabaye I Orlando


Hamid Karzai yahoze atwara Afganistani
Hamid Karzai yahoze atwara Afganistani

Uwahoze ar’umukuru w’igihugu ca Afuganistani, Hamid Karzai yamenyesheje ejo kuwa mbere ko ata munyagihugu w’ico gihugu canke umu Isilamu yokora ubwicanyi nk’ubwo bwabaye muri Amerika k’umusi w’Imana.

Nawe Perezida Ashraf Ghani aramutswa Afuganistani mur’iki gihe yabaye mu bakuru b’ibihugu vyo kw’isi batanguye gutangaza ko biyamirije ubwo bwicanyi.

Ku banyagihugu ba Afuganistani, ubu bwicanyi bwarabababaje kuko ngo uwabukoze, Omar Saddiqui Mateen, afise amaraso y’abanya afganistani.

Ariko, bivanye n’uko Mateen yavukiye yongera akurira muri Amerika, abanyafuganistani bamwe bamwe bavuga ko ari umunyamerika, ko ivyo yakoze bimwega n’igihugu yavukiyemwo.

XS
SM
MD
LG