Uko wahagera

Perezida Buhari Akemangwa Kwivuriza mu Bwongereza


Perezidansi ya Nijeriya itangaza ko urugendo rwa Perezida Muhammadu Buhari mu Bwongereza rwatangiye ku musi wambere atari urwo kwivuza, ko ahubwo ari akaruhuko.

Umuvugizi wa Perezida Buhari Femi Adesina avuga ko Perezida Buhari azakoresha akaruhuko ke kugirango yisuzumishe, kandi yivuze ububabare akomeje kugira mu gutwi.

Muganga Osahon Enabulele, wo mu muryango wa Commonwealth avuga ko urugendo rw’imisi icumi Buhari azakorera mu Bwongereza ruhesha igicapo kibi igihugu ca Nijeriya. Akavuga ko kuba uyo mutegetsi yokwivuriza mu gihugu ciwe, vyotera intege ubuvuzi bwaho. Muganga Osahon avuga ko ingendo z’abategetsi n’abandi bakozi bakomeye ba guverinoma, bajya kwivuza mu makungu zitwara Nijeriya umuliyaridi w’amadolari, kandi abaganga bo muri Nijeriya nabo nyene basanzwe bemewe mw’isi.

Femi Adesina, umuhinga muvyo kumenyesh’amakuru akaba n’umuvugizi wa Perezida Buhari yasubije avuga ko uyo mutegetsi azofata iminsi cumi y’urugendo agiye kuruhuka, agaca aboneraho kwivuza.

Yavuze ko Perezida Buhari yari gushobora gukoresha ubuvuzi bwa Nijeriya ariko ko abaganga be bamuhanuye kujya mu Bwongereza, bamaze kubona ko badashobora kuvura ingwara agwaye.

Adesina avuga ko Perezida Buhari yizera ubuvuzi bwa Nijeriya, kandi ko asanzwe ahafise n’umuganga. Yongeraho ko iyo ataba ar’uwugiye mu karuhuko, ko atari gufata ugwo rugendo agiye kwivuza gusa.

Umuvugizi wa Perezida Buhari avuga ko gushik’ubu uwo mutegetsi abandanya kurangura amabanga ajejwe.

XS
SM
MD
LG