Uko wahagera

Somaliya: Aba AMISOM 5 Bagirizwa Ubusuma


Abasirikare batanu bo mu ngabo za AMISOM muri Somaliya barahagaritswe na bagenzi babo bagirizwa kugomba kugurisha ibikoresho vya gisirikare I Mogadishu, ku murwa mukuru wa Somaliya kuwa mbere.

Abasirikare ba Somaliya bajejwe umutekano barikumwe n’inteko za AMISOM bamenyesha ko bubiriye abo basirikare mugihe bari ahasanzwe habikwa ibirwanisho bagomba kugurisha udusandugu tw’amasasu, ibitoro hamwe n’udufuko bashiramwo imisenyi.

AMISOM ntiyatangaje amamuko y’abo basirikare bafashwe ariko yamenyesheje ko bazokora uko bashobora kugira iyo ngeso iranduranwe n’imizi mur’izo nteko.

XS
SM
MD
LG