Uko wahagera

Perezida wa Turukiya Erdogan Yagendeye Somaliya


Perezida w’igihugu ca Turukiya, Recep Tayyip Erdogan, ari mu rugendo rw’imisi ibiri, ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Yashitse muri Somaliya inyuma y’igitero c’umurwi al-Shabab cahitanye ubuzima bw’abantu batari bake.

N’urugendo rugira gatatu Erdogan, agize ku murwa mukuru, Mogadisho kuva mu kwezi kw’umunani, umwaka w’i 2011.

Erdogan, yakiwe ku kibuga c’indege, uno musi ku wa gatanu, na Perezida wa Somaliya, Hassan Sheikh Mohamud. Imodoka zari zimuherekeje zaciye mu gisagara ca Mogadisho zigana inyubakwa ya Ambasade ya Turukiya, azokwugurura icese mu rugendo rwiwe.

Iyo Ambasade, imwe mu Ambasade manini cane y’igihugu ca Turukiya kw’isi, iri ku nkengera z’ibahari y'Abahindi.

Erdogan, yagize urwo rugendo naho umurwi al-Shabab wagize igitero ku muhingamo wo ku musi wa gatatu, kw’ihoteri Ambassador, ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Ico gitero cahitanye abantu mirongo biiri na bane, harimwo bane mu bagize ico gitero.

Igihugu ca Tukuriya, carahaye Somaliya imiliyoni amajana n’amajana y’amadolari, kuva mu mwalka w’i 2011.

Mu ndwi iheze, Reta ya Turukiya yemeje imiliyoni mirongo ibiri na zine z’amadolari azofasha, ku vyerekeye amafranga Reta ya Somaliya izokoresha, muri uyu mwaka.

Imbere yuko aja muri Somaliya, Perezida Erdogan yagendeye ibihugu vya Uganda

XS
SM
MD
LG