Uko wahagera

Siriya: Abana Bashika Imiliyoni 4 Barataye Amashure


Abana bo muri Siriya bariko ahariko haragirwa ibitero vy'indege mu gisagara ca Aleppo
Abana bo muri Siriya bariko ahariko haragirwa ibitero vy'indege mu gisagara ca Aleppo

Mu gihugu ca Siriya, abana barenga imiliyoni zine barataye amashure bivanye n’intambara ziri mur’ico gihugu.

Nayo igitigiri c’abana bamaze guhitanwa n’izo ntambara baharurwa hagati y’ibihumbi 250 n’ibihumbi 470, nkuko bishikirizwa n’ikigo kigira ubushakashatsi ku migambi ya reta mur’ico gihugu ca Siriya.

Mu mwaka w’2014, ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryatangaje ko ryahagaritse igikorwa co gukurikirana abana bapfa mur’ico gihugu, mu kuvuga ko ryohava ridashobora gutangaza ibitigiri nyavyo bivanye n’intambara iguma ihindura isura.

XS
SM
MD
LG