Uko wahagera

Kolombiya: Abanyamakuru bari Bagizwe Imbohe Bararekuwe


Abarwanya reta ya Kolombiya bararekuye abamenyeshamakuru batatu bari bagize imbohe.

Abo banyamakuru bari bafashwe ku musi wa gatandatu w’indwi iheze. Babohowe ku musi wa gatanu.

Umwe muri bo yamuka mur’ico gihugu nyene azwi kw’izina rya Salud Hernandez-Mora yari yafatiwe ahitwa Catatumbo, mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu n’umuhari w’abarwanyi witwa National Liberation Army.

Yari yafashwe ahorwa ko yariko yandika ku nkuru y’abarwanyi barima ibiyayura mutwe vyitwa Kokayine bakabidandaza mu gihugu ca Venezuela kugira baronke amafaranga bifashisha mu kurwana.

Yakorera ikinyamakuru co muri Espanye citwa El Mundo hamwe n’ibindi binyamakuru vyo mur’ico gihugu ca Kolombiya.

Abandi babiri bitwa Diego D'Pablo na Carlos Melo bafashwe bahorwa gutangaza amakuru y’ifatwa ry’uwo mugenzi wabo Hernandez-Mora. Nabo nyene barekuwe inyuma y’amasaha makeyi Hernandez-Mora arekuwe.

XS
SM
MD
LG