Uko wahagera

Uganda: Urubanza Rwasomwe Ku Bagirizwa Ibitero mu Mwaka w'i 2010


Ivyononywe n'igitero ca bombe cagizwe ku buriro ku murwa mukuru wa Uganda, kw'italiki 12 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2010.
Ivyononywe n'igitero ca bombe cagizwe ku buriro ku murwa mukuru wa Uganda, kw'italiki 12 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'i 2010.

Sentare mu gihugu ca Uganda yaciriye umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwose abantu batanu, ku bitero vy’amabomba bagize mu bibanza biri abantu bariko barorereramwo igikombe c’isi yose c’Umupira w’amaguru, na Rugby, ku murwa mukuru, Kampala.

Ivyo bitero vyahitanye abantu mirongo irindwi na batandatu mu mwaka w’i 2010.

Umucamnaza, Alphonse Owiny-Dollo, yasomye urubanza rw’abo bantu, uno musi ku wa gatanu, umusi umwe inyuma yuko asanze abo bantu bagirwa n’iterabwoba, n’ubwicanyi. Abantu babiri bagirwa n’ivyaha nkivyo baciriwe umunyoro w’imyaka mirongo nitanu.

Mu baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose harimwo, umunya Uganda, Issa Ahmed Luyima, umucamanza yavuzeko ariwe yataguye ibitero vy’amabombe vyo mu mwaka w’i 2010.

Abashikirizamanza bari barondeye kw’abo bantu bacirwa urubanza rw’ugupfa, yamara umucamanza, Alphonse Owiny-Dollo, ntiyabonye kubacira urubanza rw’ugupfa hari ico vyohindura.

Umurwi al-Shabab, wariyitiriye ibitero vy’amabombe vyo kw’italiki 11 z’ukwezi kw’indwi, umwaka w’i 2010. Vyagizwe ku bakunzi b’umupira w’amagururu mu buriro, n’ikibanza abantu barorereramwo urukino rwa rugby, ku murwa mukuru wa Uganda, Kampala, aho urukino rwa nyuma rw’igikombe c’isi yose c’umupira w’amaguru rwariko rurerekanwa kuri televiziyo.

XS
SM
MD
LG