Uko wahagera

Abatalebani Bafise Umutegetsi Mushasha


Umuyobozi Mushasha w'Abatalebani Mawlawi Haibatullah Akhundzada.
Umuyobozi Mushasha w'Abatalebani Mawlawi Haibatullah Akhundzada.

Abatalibani mu gihugu ca Afghanistani batangaza ko, Mawlawi Haibatullah Akhundzada, yagenywe kuba umutegetsi mukuru mushasha w’umhari w’Abatalibani. Ivyo bikwirikiye urupfu rwa, Mullah Akhtar Mansoor.

Mw’itangazo, uno musi ku wa gatatu, Abatalibani kandi bemeje icese ko Mansoor yishw,e mu gitero c’indege itagira umudereva y’Abanyamerika, mu ndwi iheze.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, yaremeje ku musi wa mbere ko Mansoor yishwe, kubera yari intambamyi ku twigoro tw’amahoro n’ugusubiza hamwe mu gihugu bca Afghanistani.

Umutegetsi mukuru mushasha w’Abatalibani, Mwlawi Haibatullah Akhundzada, yari icegera ca Mansoor, hamwe na Sirajuddin Haqqani, ayoboye umurwi Haqqani.

Haqqani yagumanye amabanga yari asanganywe, mu gihe umuhungu w’uwashinze umuhari w’Abatalibani, Islamic Emirate, Mullah Yaqoob, yagenywe kuba icegera ca kabiri c’umutegetsi mushasha w’Abatalibani.

Ayo makuru yatangajwe, uno musi ku wa gatatu, aje mu gihe umwiyahuzi w’Umutalibani yari afise bombe yishe abantu cumi n’umwe, akomeretsa abandi batari bake ku murwa mukuru, Kabul.

Igipolisi ca Afghanistani gitangaza kw’ico gitero cahiga minibisi yari itwaye abategetsi bo mu nzego z’ubutungane.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid, avuga koi co gitero cagizwe mu kwishura kw’iyicwa ry’Abatalibani batandatu, mu ntango z’uku kwezi, inyuma yuko baciriwe urubanza rw’ugupfa n’inzego z’ ubutungane zo muri Afghanistani.

XS
SM
MD
LG