Uko wahagera

Siriya: Guhabuza Raqqa Byatanguye


Siriya kw'ikarata
Siriya kw'ikarata

Inteko ziyobowe n’Abakurde, mu gihugu ca Siriya, zimenyesha ko igikorwa ca girikare c’uguhabuza igisagara ca Raqqa, kiriko kraba. Ico gisagara niwo murwa mukuru w’umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya Kiyislamu.

Mw’itangazo, kuri video, ryashizwe ku rubuga rwa internet, abayobozi babiri b’umurwi ukorana na Reta zunze ubumwe za Amerika, umenyesha kw’igikorwa ca gisirikare c’uguhabuza igisagara ca Raqqa, catanguye, kw’intambwe ya mbere ari uguhabuza ibice vyo mu buraruko bw’ico gisagara.

Uwo murwi umenyesha ko bariko bagira ico gikorwa, babifashijwemwo n’inteko z’urunani ruyobowe na Amerika, mu buraruko bwa Raqqa.

Umurwi w’igihugu ca Siriya, uvuga ku mabi akorwa n’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, umenyeshya kw’igikorwa ca gisirikare kiriko kiraba, muri iki gihe, gishimikiye mu bice biri mu buraruko bw’igisagara ca Raqqa

Reta zunze ubumwe za Amerika, ziriko zifasha inteko zo muri Siriya, zigizwe ahanini n’Abakurde, zigera ku bihumbi mirongo ibiri na bitanu. Amerika kandi iriko igerageza kwongereza igitigiri c’Abarabu b’Abanyasiriya, muri iki gihe kiri hagati y’ibihumbi bitanu, na bitandatu.

XS
SM
MD
LG