Uko wahagera

Impunzi Zica Muri Mediterane Zibandanya Ziyongera


Igihugu c’Ubutaliyano kimenyesha ko ubwato bwaco bwarokoye ejo kuwa mbere impunzi n’abimukira bashika ku 2500 mw’ibahari mediterane ku nkengera y’igihugu ca Libiya.

Ubutaliyano bumenyesha ko ibitigiri vy’impunzi zigana mu Bulayi gitera ciyongera cane cane mur’ibi bihe ikirere cifashe neza mugihe Ubulayi buriko bwinjira mu bihe vy’ici.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko kuva mu ntango z’uyu mwaka, impunzi n’abimukira barenga ibihumbi 30, benshi bamuka muri Afirika iri musi ya Sahara bamaze gufatirwa muri Mediterane.

Abategetsi b’amashirahamwe agarukira ku mbabare bamenyesha ko ubu umuhora uva muri Libiya uja mu Butaliyano ariwo wabaye inzira y’abimukira bagana ubulayi.

N’inyuma yaho Turukiya gipfundikiye amasezerano n’umuryango w’ubumwe bwa Bulayi.

Impunzi zahora zica muri Turukiya zigana Ubugiriki zaciye zigabanuka cane.

XS
SM
MD
LG