Uko wahagera

Iraki: Ibitero Bitandukanye Vyishe 29


Mu gihugu ca Iraki, umuhari wa Reta ya Kiyisilamu warishe abantu 29, ukomeretsa abarenga 70 mu bitero bitandukanye wagavye ejo kuwa mungu.

Abategetsi ba Iraki bamenyesha ko igitero ca mbere cagabwe ahari ihinguriro rya Gaze hafi y’umugwa mukuru Baghdad, gihitana abantu 14 gikomeretsa abashika 27.

Izindi bombe zitatu zaturikiye mu gice gikorerwamwo imirimo y’ubudangaji, zihitana abasivile bashika 8 gikomeretsa 28.

Kur’uyo musi w’Imana kandi muri Iraki, abandi bantu 7 barimwo abasirikare 2 barapfuye bahitanywe na bombe yatezwe mu modoka mu gisagara ca Latifiyah kiri ku bilometero 30 uvuye ku murwa mukuru Baghdad.

Abantu bane barahakomerekeye barimwo abasirikare babiri

Ibi bitero bije bikurikira ibindi vyabaye I Baghdad mu ndwi yarangiye, vyahitanye abarenga 140.

Biriko bikorwa mugihe bigaragara ko abasirikare ba Iraki bariko bigarurira uturere tutari duke twari mu minwe y’umuhari wa Leta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG