Uko wahagera

Somaliya: Inteko Zidasanzwe Zishe Abarwanyi 15 ba al-Shabab


Map of Somalia showing Baidoa
Map of Somalia showing Baidoa

Umurwi w’abasirikare badasanzwe ba Somaliya bishe abikekwa kw’ari abarwanyi b’intagondwa z’aba Islamu cumi na batanu, mu gitero cabaye kw’ikambi y’umurwi al-Shabab, mu ntara ya Galgududu, mu gice co hagati muri Somaliya.

Ico kibaye igitero kigira kabiri mu misi ibiri.

Qadar Mohamed Ali, umutegetsi wa Reta, muri ako karere, yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali, kw’ico ico gitero cashaka gushiko ari ugusambura iyo kambi, n’ukugeramira ubushobozi bw’umurwi al-Shabab, bw’ugutegura n’ukugira ibitero mu karere.

Mohamed Ali, avuga inteko za Reta ya Somaliya zafashe ibikoho birasa amagrenade na za mortier muri ico gitero. Avuga ko ata nteko za Reta zishwe, canke ngo zikomereke.

Igitero co ku musi wa gatatu, kibaye umusi umwe inyuma y’igitero cagizwe kw’ikambi y’umurwi al-Shabab, mu mihana y’ahitwa, Toratow, hafi y’ibilometero ijana, mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho. Muri ico gitero, igitigiri kitazwi c’abarwanyi barafashwe canke baricwa.

XS
SM
MD
LG