Uko wahagera

Bangladesh: Rahman Nizamu Yarishwe Amanitswe


Moulana Motiur Rahman Nizami, yari arongoye umugambwe witwa Jamaat-e-Islami, muri Bangladesh
Moulana Motiur Rahman Nizami, yari arongoye umugambwe witwa Jamaat-e-Islami, muri Bangladesh

Ubutegetsi bwa Bangladesh bwarishe umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wo mw’idini rya Isilamu yagirizwa ivyaha yakoze mu ntambara yo kurwanira ukwiganzura ubukoloni bwa Pakistani mu mwaka w’1971.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ca Bangladesh, Asaduzzaman Khan yatangaje ko uwo mugabo w’imyaka 73 azwi kw’izina rya Motiur Rahman Nizami, yishwe amanitswe mw’ibihero rikuru riri ku murwa mukuru Dhaka.

Uwo mugabo Nizami abaye uwugira gatanu mu bategetsi b’imigambwe itavuga rumwe na reta yishwe kuva mu mwaka w’2013.

Abandi bategetsi batatu bamuka mur’uyo mugambwe nyene wa Nizami hamwe n’uwari arongoye umugambwe ukomeye urwanya ubutegetsi barishwe bamanitswe.

Amashirahamwe Amnesty International na Human Rights Watch aharanira agateka ka muntu yariyamirije urwo rupfu rwa Nizami.

XS
SM
MD
LG