Uko wahagera

Georgia Yarasambuye Igishusho ca Joseph Stalin


Ibishusho vya Joseph Stalin yahoze ayoboye Ubumwe bw'Abasoviete
Ibishusho vya Joseph Stalin yahoze ayoboye Ubumwe bw'Abasoviete

Bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Gori, kiri mu gihugu ca Georgia, ikibanza c’amavuko c’umutegetsi yatwaza igitugu w’Ubumwe bw’Abasoviete, Joseph Stalin, bisa nuko bakimukunda cane.

Abanyagihugu b’ahitwa Ateni, hanze gatoyi y’igisagara ca Gori, barashinze igishusho ca Sataline, ku musi wa mbere, kugira bahimbaze imyaka mirongo irindwi n’umwe irangiye habaye intsinzi y’Ubumwe bw’Abasoviete, ku Badagi b’Abanazi, mu gihe c’ingwano ya kabiri y’isi yose.

Ico gishusho carakuweho buno nyene, nkuko vyatangajwe na Reta ya Georgia, ku musi wa kabiri.

Ivyo kubera kwerekana ico gishusho, mu buryo butarekuriwe n’amategeko, biciye kubiri n’ingingo imaze igihe kirekire iziririza kwerekana, ku mugaragaro, ibimenyetso vy’intwaro z’agahotoro.

Umushikiranganji wa mbere wa Georgia, Giorgi Kvirikashvili, yatangaje ko Reta yiwe yiyamiriza, mu buryo butomoye, ityozwa ry’agateka ka muntu ryakozwe n’intwaro y’Abasoviete, muri Georgia, no mu karere ka Caucase.

XS
SM
MD
LG