Uko wahagera

Canada: Ibihumbi 80 Bahunze Inkongi y'Umuriro


Abajejwe kuzimya imiriro muri Canada babandanya guhangana n’imiriro myinshi cane imaze gutuma abantu bagera ku bihumbi 80 bahungishwa.

Abashinzwe umutekano babakura muntara ya Alberta, kuva mu ntango z’iyi ndwi. Abapolisi n’abasirikare nibo bariko baraherekeza imiduga igera ku majana atanu iriko ihunga iva mubice vyasinzikajwe niyo miriro. Bari barashizwe muri ako karere gahingurigwamwo ibitoroaho kuva kumusi wa kabiri.

Abantu bagera ku 8,000 barinze guhungishwa n’indege ku musi wa kane, abandi 5,500 bakaba bari barindiriye gutogwa n’izindi ndege ejo ku musi wa gatanu. Abandi 4,000 bategekanijwe gutogwa n’indege kuri uno musi wa gatandatu.

Kugeza ubu, amatohoza ntiyerekana neza icatumye imiriro yaduka mu mashamba y’ako karere kuva ku musi wamungu. Abategetsi bavuga kw’iyo miriro yatanguye mumashamba ya kure, kandi ko ishobora kuba yatewe n’inkuba.

XS
SM
MD
LG