Uko wahagera

Iraki: Bombe yarishe 13


Mu gihugu ca Iraki, abantu bashika 13 barahitanwe n’ibombe yatezwe mu modoka k’umugwa mukuru Baghgad kuwa mbere.

Abo bantu bapfuye bari mu birori vyo kwibuka urupfu rw’umukuru w’aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite.

Abantu bashika 28 barimwo abagore n’abana bavugwa ko bapfuye.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uremanga ko ariwo wakoze ico gitero, ariko umuhari w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu warigeze kugaba ibitero nk’ivyo.

Umuhari wa leta ya Kiyisilamu waragavye igitero nk’ico cishe abantu 23 ku musi wa gatandatu mu micungararo y’umugwa mukuru Baghdad.

XS
SM
MD
LG