Uko wahagera

Bujumbura: Igitero ca Gerenade muri Komine Ntahangwa


Umukuru wa karitsiye Nyabagere muri zone Gihosha ya komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yarahatswe kugandagurwa n’abateye amagerenade abiri ku rugo iwe mw’ijoro ryo kur’uyu wa gatanu. N’igitero kigira kabiri cakozwe ku rugo rw’iyo ndongozi isaba gucungererwa ubuzima.

Uwo mukuru wa karitisye Nyabagere ni Nahimana Célestin Badera. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abamuteye bamuje inyuma igihe yariko arataha agana ku rugo iwe mu ma sambiri n’igice z’ijoro.

Ico gitero ku rugo rwe n’icakabiri. Ikindi gitero cahakorewe cabaye mu kwezi kw’10 mu mwaka uheze wa 2015. Ico gihe hakomeretse abantu babiri hononekara ibisakazo n’ibiyo vy’amadirisha n’imiryango vy’inyubakwa yiwe. N’aho nyene hatewe amagerenade abiri. Gushika ubu, Nahimana ntazi igituma aterwa ku rugo iwe.

Abo atwaye nabo nyene ntibatahura ingene indongozi bitoreye iguma iterwa. Uno mukenyezi amusabira kuronswa abamucungerera ubuzima.

Iyo ngongozi yaraye ihatswe kugandagurwa isaba ko ubutungane bwokora ku musore wo muri karitsiye Mirango yafatiwe hafi yo kwa Nahimana, yikekwa ko yari mu bateye ayo magerenage.

Uwo arongoye karitsiye Nyabagere yatowe ku ruhande rw’abigenga mizero y’abarundi. Ashigikiye Agathon RWASA uyoboye FNL.

Tubibutse ko no mw’ijoro ryo kur’uyu wa kane muri zone Musaga ya komine Muha mu gisagara ca Bujumbura nyene. Abantu batanu harimwo umusirikare w’igihugu n’umwana mutoyi bapfuye. Abandi bantu batatu barakomereka mu gitero cakozwe n’abantu bitwaje ibigwanisho batamenyekanye. Ibi byemejwe n’ubuyobozi bwa zone Musaga.

XS
SM
MD
LG