Uko wahagera

Yemeni: Shallal Shayei Yarusimvye


Mu gihugu ca Yemeni abantu bashika babiri barakomerekejwe n’ikibombe cari catezwe hanze y’inzu y’umukuru ajejwe umutekano mu gisagara ca Aden.

Abajejwe gucungera umutekano batangaza ko bakurikije amasasu imodoka yari itezwemwo ico kibombe imbere yuko giturika.

Ibinyamakuru muri Yemeni bitangaza ko uwo mwihevyi yari yambaye impuzu z’abagore kandi ko yashoboye kurengana ama bariyeri atari make y’abajejwe umutekano.

Uwo mukuru ajejwe ivy’umutekano azwi kw’izina rya Shallal Shayei ico gitero cari gitumbereye ntaco yabaye.

Kibaye igitero kigira gatatu kigabwe k’urugo rwiwe kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka urangiye.

Igihugu ca Yemeni kiri mu ntambara hagati ya leta hamwe n’aba Isilamu bo mu bwoko bw’aba Houthi. Imigwi y’iterabwoba ya leta ya Kiyisilamu na al-Qaida baronse akaryo ko kugaba ibitero no kwica abantu kubera akajagari kari mu gihugu.

XS
SM
MD
LG