Uko wahagera

Ibibazo ku Buryo bw'Ukurwanya Reta ya Kiyislamu


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter

Umushingamateka akomeye w’Umurepublika arahinyuza ivyatangajwe na Reta ya Obama vyuko habaye intambwe, mu rugamba rw’ukurwanya umurwi witwa Reta ya Kiyislamu muri Iraki na Siriya.

John McCain, ayoboye umurwi ujejwe ivyerekeye igisirikare mu nama nkenguzamateka ya Amerika yagiriza Reta ko ifata minenerwe ikibazo c’umurwi, Reta ya Kiyislamu.

Avuga ko naho hari intambwe ziboneka bashitseko ku buryo bakoresha, bategerezwa kwibaza nimba ubwo buryo bukora neza. Nimba bariko baratsinda urugamba.

Muvyo yashikirije imbere y’umurwi ujejwe ivya gisirikare mu nama nkenguzamateka, umumshikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, yaravuze ku buryo butanduknaye bariko bakoresha mu rugamba rw’ukurwanya umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu.

Yamara avuga ko atabona neza akamaro k’ugushiraho urunani rw’inteko zizwanira ku butaka rujejwe kurwanya umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu nkuko McCain yabisavye.

XS
SM
MD
LG