Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Yananiwe kw'Igeregezwa rya Misile


Ikigobe ca Koreya
Ikigobe ca Koreya

Bisa nuko Koreya ya ruguru yagerageje misile idashika kure cane yasambutse gatoyi inyuma yuko ihagurutse.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Koreya y’epfo butangaza ko iyo misile yasambutse gatoyi inyuma yuko ihagurutse uno musi ku wa kane.

Ivyo vyabaye gatoyi imbere y’ikoraniro rikomeye cane ry’umugambwe uri ku butegetsi muri Koreya ya ruguru rizoba mu ndwi iza ku murwa mukuru, Pyongayang.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw Koreya y’epfo bumenyesha ko Koreya ya ruguru ishobora kuba iriko igerageza misile nashasha idashika kure cane, Musudan.

Iyo misile ishobora gukoreshwa kugira ishikire ibibanza vya gisirikare mu karere ka Asiaya no mw’ibahari Pacifique.

Igeragezwa ry’iyo misile ribaye mu gihe Koreya y’epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika biriko bigirira hamwe imyimenyerezo ya gisirikare, Koreya ya ruguru ivuga ko ari agasomborotso.

XS
SM
MD
LG