Uko wahagera

Amerika Yemeye Gufasha Kurushiriza Iraki


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanze aiandi nteko 200 n’indege za kajugujugu z’ingwano zo mu bwoko bwa Apache zigenewe gufasha inteko z’igihugu ca Iraki mu rugamba rw’ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul kiri mu minwe y’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Amerika, Ash Carter, ku murwa mukuru wa Iraki, Bagdad, uno musi ku wa mbere.

Inteko z’igihugu ca Iraki zatanguye igitero c’ugusubira kwigarurira igisagara ca Mosul kw’italiki 24 z’ukwezi kwa gatatu.

Ash Carter yagiye mu gihugu ca Iraki, uno musi ku wa mbere, kuganira n’intwazangabo z’igisirikare ca Amerika n’iz’igihugu ca Iraki, ku buryo Amerika ishobora kwongereza inguvu mu rugamba rw’ukurwanya abarwanyi b’umurwi witwa, Reta ya Kiyislamu, muri Siriya na Iraki.

Mw’ijambo yashsikirije abamenyeshamakuru muri Emirats Arabes Unis, ku musi wa gatandatu, Ash Carter, yarerekanye ko yishimiye ko Reta ya Amerika izokwemeza ivyiyumviro yashikirije.

XS
SM
MD
LG