Uko wahagera

Ubutaliyano Bwarokoye Impunzi Mu Kiyaga


Abasirikare b’Ubutaliyano bacungera ku nkengera z’ikiyaga bamenyesha ko bashoboye kurokora impunzi n’abimukira barenga 2000 ku nkengera z’amazi k’uruhande rw’igihugu ca Libiya mu misi ibiri iheze.

Bamenyesha ko vyabasavye uburyo bukomeye kugira bashobore kurokora abo bantu mu bwato barimwo bwagira bwibire kuko bwarimwo abantu barenze urugero.

Abategetsi b’Ubutaliyano bamenyesha ko atawahasize ubuzima kandi ko izo mpunzi zose zaciye zitwarwa mw’izinga rya Sisile riri mw’ibahari meditarane.

Ivyo bibaye mugihe igihugu ca Autrishe naco kimenyesha ko gitegekanya gusubira gusuzuma urubibe gihana n’Ubutaliyano aho gitinya ko hari impunzi zishobora kuhaca.

XS
SM
MD
LG