Uko wahagera

Kenya Yarungitse Abanyatayiwani 37 mu Bushinwa


Abategetsi b’igihugu ca Kenya bariko baritegurira kwirukana abandi Banyatayiwani. Abo bantu barungikwa mu gihugu c’Ubushinwa, inyuma yuko ingingo nkiyo itumye Tayiwani yagiriza abategetsi b’Ubushinwa ko banyuruje abanyagihugu bayo.

Umutegetsi ajejwe ibibazo vyo mu karere ko mu burengero bwa Asiya no mu karere ka Afrika mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Tayiwani, Antonio Chen, avuga ko Abanyatayiwani mirongo itatu n’indwi bashizwe mu ndege y’Ubushinwa ivuye ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi igana Ubushinwa.

Abanyatayiwani mirongo itatu n’indwi birukanywe uno musi ku wa kabiri, hamwe n’abandi umunani birukanywe imbere yaho bahagaritswe mu gihugu ca Kenya mu mwaka w’i 2014, bagirizwa ubugizi bwa nabi bukorerwa kuri internet.

Sentare yo mu gihugu ca Kenya yarabahanaguyeko ivyo vyaha, ibaha imisi 21 kugira babe bavuye mu gihugu.

Abategetsi ba Tayiwani bagirije abategetsi b’Ubushinwa ko baremeye igihugu ca Kenya kugira kirungike abo bantu cirukanye mu Bushinwa.

XS
SM
MD
LG