Uko wahagera

Ukraine: Minisitiri wa Mbere Aratanga Imihoho


Ministre wa mbere wa Ukraine Arseniy Yatsenyuk mu nama y'abashikiranganji, i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine.
Ministre wa mbere wa Ukraine Arseniy Yatsenyuk mu nama y'abashikiranganji, i Kiev, ku murwa mukuru wa Ukraine.

Umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Arseniy Yatsenyuk amenyesha ko agiye gutanga imihoho kugira yugururire imiryango leta nshasha igamije kurangiza uruhagarara rwa politike ruri mur’ico gihugu.

Yatsenyuk yamenyesheje ko azoshikiriza urwandiko rwo gutanga imihoho inama nshingamateka kur’uyu wa kabiri kandi ko yizeye ko Igihugu ca Ukraine kizoba kironse akaryo ko guhindura ibitari bike mu bijanye n’amatora, ibwirizwa nshingiro hamwe n’ubutungane.

Amenyesha kandi ko ico gihugu kizoba kironse akaryo ko kwinjira mu muryango w’ubumwe bwa Bulayi no kwifatanya n’inteko za NATO.

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika Joe Biden, kuwa mungu yarakeje ministre wa mbere wa Ukraine kur’iyo ngingo afashe.

Ibiro vya Perezida Obama vyatangaje ko Biden na Yatsenyuk bemeranije ko iryo hinduka ari ntabanduka kandi ko ari akaryo keza Ukraine kironse kugira kigire kazoza keza.

XS
SM
MD
LG