Uko wahagera

Chad: Idris Deby Yizeye Intsinzi


Perezida Idriss Deby ku kibanza co gutoreramwo co muri Disitirikite ya kabiri ya N'Djamena ku murwa Mukuru.
Perezida Idriss Deby ku kibanza co gutoreramwo co muri Disitirikite ya kabiri ya N'Djamena ku murwa Mukuru.

Perezida wa Chad Idriss Deby amenyesha ko yizeye ko ashobora gutahukana intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye kuwa mungu.

Perezida Deby yatanguye kurongora Chad kuva mu mwaka w’1990 inyuma yaho atembagaje ubutegetsi bwariho ico gihe.

Igihugu ca Chad carateye imbere mu vy’ubutunzi ku ntwaro ya Idris Debi kandi n’abasirikare baco bariko bifatanya n’inteko zo mur’ako karere mu kurwanya umuwi w’iterabwoba wa Boko Haram urwanira muri Nijeriya.

Ariko abanyagihugu bose ntibamushigikiye. Imigumuko yiyamiriza leta yiwe yabaye mu ndwi ziheze yaraburijwemwo n’igipolisi.

Mu kwezi kwa kabiri, Perezida Deby yemereye abanyagihugu ko mugihe bomwongera ikindi kiringo co gutwara azoca asubizaho ibiringo vyo gutwara yakuyeho mu mwaka w’2005.

Igihe yakuraho ibiringo vyo gutwara yatanze insiguro ko ibihe vyari bimeze nabi ati ubu nta ntambamyi iriho yotuma ibiringo bidasubizwaho.

XS
SM
MD
LG