Uko wahagera

Amerika: Donald Trump ku Ruhombe na Mexique


 Donald Trump, umukandida w'Umurepublika ariko arondera guserukira umugambwe wiwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo muri Amerika yo mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka
Donald Trump, umukandida w'Umurepublika ariko arondera guserukira umugambwe wiwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo muri Amerika yo mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka

Donald Trump, ari imbere mu bakandida barondera guhagararira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe muri uyu mwaka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, yatangaje ko azotuma igihugu ca Mexique kiriha ku nguvu uruhome ruzokwubakwa ku rubibe hagati ya Amerika n’ico gihugu ruzobuza abimukira batubahirije amategeko kwinjira ku butaka bwa Amerika.

Donald Trump yagabishije kuzozibira imiliyaridi n’imiliyaridi y’amadolari Abanyamexique basanzwe baba muri Amerika barungikira imiryango yabo muri Mexique.

Yamara mu mpera zo ku musi wa kabiri, prezida wa Amerika, Barack Obama, yariyamirije ico ciyumviro, mu kuvuga ko abategetsi b’ibihugu vyo kw’isi batiteze ivyiyumviro nkivyo ko biva mu biro vya perezida.

Perezida Obama yavuze ko kugeramira ubutunzi bw’igihugu ca Mexique, mu gukata amafranga Abanyamexique bakora muri Amerika barungikira imiryango yabo muri Mexique, vyotuma ibigitigi binini kurushiriza vy’abantu bavuye muri Mexique barondera guhungira muri Amerika.

Parezida Obama avuga ko iciyumviro ca Donald Trump gifatiye ku mvo za politike.

Akamo Donald Trump yateye k’ukwubaka uruhome rukomeye cane, ku buryo ata bantu bashobora kurugengana ku nkengerra z’urubibe n’igihugu ca Mexique, kabaye inkingi y’igikorwa ciwe c’ukwiyamamariza gutorwa n’umugambwe wiwe w’Abarepublika kugira awuserukire mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka muri Amerika

XS
SM
MD
LG