Uko wahagera

USA:Abantu Babiri Barakomeretse Ku Ngoro y'Inteko


Ku mugwa mukuru w'Amerika Washington, ingoro y'inama nshingamateka n'ibiro vya perezida, Maison Blanche, vyugawe mu kiringo gitoyi ku musi wa mbere. Ahi nu mu nyuma yuko amasasu arashwe mu kibanza c'ukwakira abashitsi mu ngoro y'inama nshingamateka.

Amakuru atari make yatangaje ko hari umuntu yinjiranye inkoho mu kibanza kirimwo ingoro y'inama nshingamateka. Ayo makuru amenyesha ko igihe yaca mu vyuma bipima ibirwanisho bicira umuriro, imbugita n'ibindi vyuma bishobora gukoreshwa nk'ibirwanisho, ivyo vyuma vyavugije urwamo, uwo muntu aca asohora inkoko.

Umupolisi yamurashe, aramukomeretsa, yamara bisanzwe. Yaciye ajanwa mu bitaro. Umusivile w'igitsinagore avurwa ko yakomeretse buhoro. Mu bitandukanye n'amakuru yari yatangajwe imbere yaho, nta bapolisi bakomeretse.

Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari mu nyubakwa y'inama nshingamateka basabwe kwihisha. Igipolisi cabujije abantu kwegera canke kwinjira muri iyo nyubakwa.

Ibiro vya perezida, Maison Blanche, nayo nyene vyari vyugawe, naho atacari cahabereye.

Abashingamateka bari mu karuhuko ka Pasika, yamara n'indwi aho ingenzi zigendera ari inyishi igisagara ca Washington. Itegeko ry'ukwugara ingoro y'inama nshingamateka ryavanyweho mu nyuma yaho.

XS
SM
MD
LG