Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Barack Obama yaganutse inyuma y’urugendo mu karere ko muri Amerika yo mu bumanuko.
Perezida Obama yagendeye igihugu ca Argentine inyuma yuko arangije urugendo muri Cuba aho yabonanye na Perezida Raul Castro.
Perezida Obama n’umutambukanyi wiwe, n’abana babo b’abigeme babirina yinabukwe bashitse ku kibuga c’indege c’igisirikare kirwanira mu kirere c' Amerika ca Andrews Air Force, hanze y’igisagara ca Washington, mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu.
Perezida Obama avuga ko Amerika zikweze ku vyerekeye kuvuga ku bwicanyi bukabije bwakozwe mu gihe c’intwaro y’agahotoro y’igisirikare nmuri Argentine, yamara reta yiwe izohangana na kahise n’ukuri hamwe n’ukutanyegeza ibintu.
Ku musi wa kane, Perezida Obama yaragendeye ikibanza kirimwo icibutso c’abasinzikanjwe n’itwaro y’agahotoro y’igisirikare muri Argentine, mu gihe abanya Argentine bibutse imyaka mirongo ine irangiye habaye kudeta yashizeho iyo ntwaro.
Perezida Obama yatangaje ko guhangana na kahise kadashemeye bisaba ububtwari.