Uko wahagera

Nijeri: Mahamadou Issoufou Ashobora Gutsinda Amatora


Niger Presidential election March 20, 2016
Niger Presidential election March 20, 2016

Igihugu ca Nijeri caratunganije amatora y’umukuru w’igihugu ejo kuwa mungu.

Perezida Mahamadou Issoufou ari ku butegetsi niwe afise amahirwe yo gutahukana intsinzi mur’ayo matora.

Umukandida mu batavugarumwe nawe Hama Amadou kumusi wa gatatu yarakuwe mw’ibihero ryo k’umugwa mukuru Niamey yari afungiwemwo ajanwa mu gihugu c’Ubufaransa kwivuza kuko akitswe n’amagara.

Abatavugarumwe na reta bahamagariye abanywanyi babo kwiyamiriza ayo matora.

Amadou yatawe mu mvuto kuva m’ukwezi kwa cumi na kumwe umwaka uheze yagirizwa kugira uruhara mu rudandazwa rw’abana.

Ivyo vyagiriji we n’abanywanyi biwe baravyiyamirije mu kuvuga ko afunzwe kumvo za politike.

XS
SM
MD
LG