Reta Zunze Ubumwe z’Amerika isaba Igihugu ca Irani kurekura abanyamerika babiri bagizwe n’umuhungu na se bafungiwe muri Irani kumvo zitarakomorwa.
Abategetsi ba Irani bahagaritse umugabo yikorera utwiwe azwi kw’izina rya Siamak Namazi mu kwezi kwa cumi. Se wiwe w’imyaka 80 yitwa Baquer, nawe yafashwe mu kwezi guheze kwa kabiri.
Bose uko ari babiri bafise ubwenegihugu bubiri, ubwa Amerika na Irani.
Umuvugizi wa Deparetema ya Reta ya Amerika amenyesha ko Amerika isaba Irani gukorana n’aba diplomate b’aba Suwisi baserukira inyungu za Amerika muri Irani kugira barekure abo bagabo babiri babone kwiyunga n’imiryango yabo.