Uko wahagera

Ubudagi: Imigambi ku Mpunzi Ntizohinduka


Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel
Chanceliere w'Ubudagi, Angela Merkel

Chanceliere w’igihugu c’Ubudagi, Angela Merkel, avuga ko ata migambi afise y’uguhindura politike yiwe ku bijanye n’ikibazo c’impunzi, naho yatsinzwe biboneka mu matora yo mu ntara aherutse kuba yerekanye ivyiyumviro bitandukanye ku migambi yiwe ku bijanye n’abimukira.

Ku musi w’Imana umugambwe ugwanya abimukira, Alternative for Deutschland, watsinze mu matora mu ntara zitatu muvyo abantu benshi babona ko biri mu mugambi w’ukwiyamiriza politike ya Angela Merkel y’ukwugurura imiryango ku mpunzi.

Angela Merkel yatangaje kw’ikibazo cerekeye impunzi, kitaratorerwa inyishu ku buryo bushimishije, cagize ingaruka ku matora yo ku musi w’Imana.

Chanceliere w’Ubudagi Angela Merkel amaze imisi aremerwa cane ku vyerekeye guhagarika kurekurira abimukira ku butaka bw’igihugu.

Benshi muri abo bimukira n’Abanyasiriya n’abandi bahunga ingwano.

Ariko asaba kw’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi gushiraho umugambi w’ukugabanganya impunzi muri ako karere.

Angela Merkel avuga ko igikenewe ari inyishu y’akarere k’Ubulayi kandi kw’iyo nyishu ikeneye guhabwa igihe.

XS
SM
MD
LG