Uko wahagera

ONU: Ibihano Kubasirikare bayo Bigenza Nabi


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon amenyesha ko hagiye gufatwa ingingo zikomeye ku basirikare baryo baharanira amahoro bama bagirijwe ibikorwa vyo gufata abakenyezi ku nguvu.

Ivyo yabishikirje ejo kuwa kane mu nama y’ibihugu 15 bigize akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano.

Ban Ki Moon yamenyesheje ko mu mwaka uheze hashikirijwe ivyagiriji 69 kubasirikare ba ONU kandi ngo bituma ONU itizigirwa n’abanyagihugu abo basirikare baba barungitswe gukingira.

Ban asaba ibihugu biba vyarungitse abo basirikare kwihuta kubacira imanza mu bihugu vyabo kandi agasaba ko amatohozwa atorenza amezi atandatu.

Asaba kandi ko abasirikare bokwagirwa, imishahara yabo yoca irungikwa gushumbusha abakenyezi baba bakorewe ayo mabi.

Reta Zunze Ubumwe z’Amerika nico categuye urwo rwandiko rw’ivyo bihano. Bitegekanijwe ko rwemezwa nk’icemezo mu nama yo kur’uyu wa gatanu.

XS
SM
MD
LG