Uko wahagera

Myanmar: Aung San Suu Kyi Ntakibaye Prezida


 Aung San Suu Kyi amaze igihe kirekire ayoboye abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Myanmar
Aung San Suu Kyi amaze igihe kirekire ayoboye abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Myanmar

Aung San Suu Kyi, amaze igihe ayoboye abatavuga rumwe na Reta mu gihugu ca Myanmar, yasavye imbabazi ku musi wa kane abamushigikiye kuba atazoba prezida, ko ahubwo prezida azoba umwe mu bantu bamwegeye cane.

Mw’ikete ryashizwe ku bibanza ngurukanabumenyi, gatoyi inyuma yuko inama nshingamateka ya Myanmar itanguye igikorwa c’ugutora prezida mushasha, Aung San Suu Kyi, yasavye imbabazi kuba atubahirije ivyo abanyagihugu basaba.

Yamenyesheje ko azobandanya asaba abanyagihugu kubandanya bamushigikira kugira bashike kuvyo bishinze mu mahoro.

Ivyo vyabonywe nk’akamo k’ugusaba kwihangana, akaba yamenyesheje kw’azoruhira kuba prezida.

Inyuma y’amatora mu mwaka uheze, amatora yabaye aya mbere kuva Reta y’igisivile ishizweho mu mwaka w’2011, inyuma y’imyaka itari mike y’intwaro z’agahotoro za gisirikare, Aung San Suu Kyi, yari yamenyesheje ko azokwitoza kuba prezida.

XS
SM
MD
LG