Uko wahagera

Amerika na Kanada: Kugabanya Imyuka Yangiza Ibidukikije


Perezida Barack Obama na Minisitiri w'intebe wa Kanada Justin Trudeau n'abadamu babo hano i Washington (03/10/2016)
Perezida Barack Obama na Minisitiri w'intebe wa Kanada Justin Trudeau n'abadamu babo hano i Washington (03/10/2016)

Reta zunze ubumwe z’Amerika na Kanada vyumvikanye uno musi ku wa kane ku ntambwe nshasha z’ukurwanya ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.

Ayo masezerano yumvikanwe mu gihe Perezida Barack Obama yakiye umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Kanada, Justin Trudeau i Washington.

Amerika na Kanada, ibihugu bibanyi vyiyemeje ku vyerekeye kugabanya imyuka igeramira ibidukikije ku bice biri hagati ya mirongo ine na mirongo ine na bitanu kw’ijana musi y’urugero ry’umwaka w’2012 mu kiringo c’imyaka cumi yimirije.

Ivyo bikingira ubutaka n’ibice vy’ibahari mu karere ka Arctic, kandi bizokwihutisha iterambere ry’ubuhinga butageramikra ibidukikije.

Reta zunze ubumwe z'Amerika na Kanada vyiyemeje kandi gushira mu bikorwa amasezerao mpuzamakungu y’ukurwanya ihindagurika ry’ibihe yashitsweko mu mwaka uheze i Paris.

Urugendo rw’umushikiranganji wa mbere wa Kanada, Justin Trudeau, I Washington rurangije imigenderanire itari imeze neza mu bihe vya vuba hagati y'Amerika na Kanada.

Imigambi ya politiki ya Trudeau irafitaniye isana n’imigambi ya Prezida Obama. Trudeau yifuza gukomeza imigenderanire n'Amerika mu rugendo rwiwe.

Bitegekanijwe ko Perezida Obama n’umushikiranganji wa mbere wa Kanada, Justin Trudeau baganira ibibazo bijanye n’ibidukikije, amategeko agenga abinjira n’abasohoka ku mbibe y’ibihugu vyabo, kworohereza uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu vyombi n’ibindi bibazo.

XS
SM
MD
LG