Uko wahagera

Benin: Itora rya Perezida Ryabaye mw'Ituze


Mu gihugu ca Benin ejo ku musi wa mungu haratunganijwe amatora y’umukuru w’igihugu. Abantu bashika imiliyoni zitanu nibo biyandikishije kugira bahitemwo uwuzosubirira umukuru w’igihugu ariho ubu.

Abakandida 33 nibo bariko bahiganirwa gusubirira perezida Thomas Boni Yayi. Agiye kubisa abandi k’ubutegetsi kuko ibiringo vyiwe bibiri yemererwa n’amategeko bizoba birangiye.

Igihugu ca Benin kiri mu bihugu vy’akarorero muri demokarasi ku mugabane wa Afrika wama urimwo imidurumbanyo iturutse kw’ihindagurwa ry’amabwirizwa nshingiro kugira abategetsi bagume k’ubutegetsi..

Boni Yayi yabwiye abamenyeshamakuru ahejeje gutora ko agiye asize abanyagihugu ba Benin mu bwiyunge.

Mu bakandida bariko baritoza harimwo Minisitiri wa mbere Lionel Zinsou, ashigikiwe na perezida Boni Yayi kandi yatanzwe n’umugambwe uri ku butegetsi. Harimwo kandi Patrice Talon, umugwizatunga akorera mugisata c’ipampa, kimwe mu biterwa vyinjiriza amafaranga menshi Benin.

Mugihe ata mukandida yotsinda mugice ca mbere, ikindi gice ca kabiri kizoca gitunganwa mu ndwi zibiri.

XS
SM
MD
LG