Uko wahagera

ONU Iratabariza Abasivili muri Sudani


Iyi ni inkambi y'impunzi y'Abou Shouk mu majyaruguru ya Darfur muri Sudani.
Iyi ni inkambi y'impunzi y'Abou Shouk mu majyaruguru ya Darfur muri Sudani.

Abategetsi b’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU n'ab’Umuryango w’Ubumwe bw'Afurika basaba igihugu ca Sudani kureka abasirikare bacungera amahoro hamwe n’abakozi bakora muvyo gufasha abantu bagashikira abasivile. Abo basivile baharurwa mu bihumbi, kandi ntibagira aho baba bitewe n’intambara iri muri Darfur.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-moon hamwe na Nkosazana Dlamini-Zuma arongoye komisiyo y’ubumwe bw'Afurika bamenyesha ko ibibazo mu ntambara yo muri Darfur bitazotorerwa inyishu n’inguvu za gisirikare

Abo bategetsi basaba impande zose zishamiranye kuja mu biganiro vyo guhagarika intambara bizobashikana ku mahoro. Ni mw’itangazo basohoreye hamwe ejo ku musi wa kane.

ONU imenyesha ko izo ntambara hagati ya reta n’abayigwanya bo mu muhari wa "Liberation Army" zimaze gutuma abasivile bo mu buraruko bwa Darfour bashika ibihumbi 90 bataizabo mundwi zitangatu zirangiye.

Intambara zo muri Darfur hagati ya reta ya Sudani n’abayigwanya zimaze imyaka irenga cumi, zimaze guhitana abantu bashika ibihumbi 300, zituma imiliyoni zibiri n’ibice bitandatu bata izabo.

XS
SM
MD
LG