Komisiyo ijejwe gutunganya amatora itangaza ko biteguriye guhangana muri sentare n’abakandida biyamamarije mukibanza c’umukuru w’igihugu n’abahiganye kuja munama nshingamateka y’igihugu, mumugambi wabo wo kubitwarira muri iyi ndwi.
Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta “Forum for Democratic Change” (FDC) Kizza Besigye n'uwahoze ari minisitiri wa mbere Patrick Amama Mbabazi, umukandida yigenga, ntibemera ivyavuye mumatora. Batangaje ko bagiye kwitura sentare, kubera babaye amahinyu mumatora, yatumye umukuru w’igihugu Yoweri Museveni atsinda.
Amategeko araba amatora muBuganda avuga ko ivyagirizo bishobora gushikirizwa muri sentare haciye imisi 10 hatangajwe ivyavuye mumatora.
Umukuru wa komisiyo y’amatora Badru Kiggundu, yatangaje ko Museveni yatsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu n’amajwi 60.07 kw’ijana, Besigye akaza mukibanza ca kabiri n’amajwi 35.37 kw’ijana. Kiggundu, we aremera ivyavuye mumatora y’umukuru w’igihugu naho abajejwe kugenduza amatora harimwo abanyamahanga bari bavuze habaye utunenge tujanye n’uko amatora yagizwe kugitsure, atakwishira nu kw’izana canke gufatira abantu kurugero rumwe.
Taremwa umukuru wa komisiyo y’amatora ivuga iti : twagize akazi gashimishije cane nk’umugwi ujwejwe gutunganya amatora, ntitwumva impamvu batemera ivyavuye mumatora, ariko ntakundi barashobora kwitura sentare kandi turiteguriye guhura nabo muri sentare".