Uko wahagera

Ubushakashatsi kuri Zika Bwatanguye muri Brezil


Brezil kw'ikarata
Brezil kw'ikarata

Ubushakashatsi kugira bimenyekane nimba umugera wa Zika utuma abana bavukana ubumuga bwatanguye uno musi ku wa mbere mu gihugu ca Brezil.

Umurwi w’abantu cumi na batandatu bo mu biro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe kwirinda n’ukurwanya indwara, batanguye igikorwa cabo mu gisagara ca Joao Pessoa, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Brezil, akarere umugera wa Zika wadutsemwo ubwa mbere.

Abagize uwo murwi bariko bakorana n’abategetsi bo mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, n’abategetsi bo muri Reta ya Paraiba, bazokwiragira muri iyo Reta ku musi wa kabiri gukwirikirana abana bavukanye ubumuga n’abavyeyi babo.

Uwo murwi uzokoresha amaraso uzoba wafashe kugira umenye nimba abo bavyeyi baranduye umugera wa Zika.

Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi O-M-S, ryatangaje kw’ukwiyadukaiza kw’umugera wa Zika ari ikibazo cerekeye amagara y’abantu kw’isi cihutirwa kw’italiki imwe y’ukwezi kwa kabiri.

XS
SM
MD
LG