Uko wahagera

Uganda: Besigye Yasubiye Gutabwa mu Mvuto


Kizza Besigye mu maboko
Kizza Besigye mu maboko

Kizza Besigye yari yategekanije kuja uno musi ku wa mbere ku ncicaro ca komisiyo ijejwe amatora ku murwa mukuru, Kampala, kwegeranya ivyemezo mu gihe ariko yiyumvira kwitwarira ivyavuye mu matora.

Igipolisi kandi carinjiye mu nyubakwa irimwo icicaro c’umugambwe wiwe, baratwara uburyo abategetsi b’umugambwe bakoresha mu guharura amajwi ubwabo. Besigye yahagaritwe incuro zitari nke mu ndwi irangiye.

Igipolisi capfunze icamase Besigye ku musi wa gatanu urangiye, kikaba camenyesheje kw’iyo ngingo yari igenewe kumubuza kuyobora imyiyerekano y’ukwiyamxirizsa intsinzi ya Perezida Yoweri Museveni. Yishuye mu gusaba abamushigikiye kwiyamiriza ipfungwa ryiwe n’ivyavuye mu matora.

Ivyavuye mu matora vyatangajwe qicese, vyahaye Museveni ibice mirongo itandatu na kimwe kw’ijana vy’amajwi ku bice mirongo itatu na bitanu kw’ijana vya Besigye.

XS
SM
MD
LG