Uko wahagera

Nijeri: Kubarura Amajwi Byaratanguye


Muri Nijeri ibikogwa vyo guharura amajwi yavuye mu matora y’umukuru w’igihugu vyaraye bitanguye inyuma yaho ibibanza vyo gutoreramwo vyugariye ejo ku musi wa mungu. Ivyavuye muri ayo matora bizotangazwa muri iyi indwi.

Mahamadou Issoufoo ariyamamariza manda ya kabiri y’imyaka itanu. Mu kwitoza kwe, yemerera abenegihugu ko azosambura imugwi y’abagwanyi ba kiyisilamu, akongera agateza imbere ico gihugu kiri muvyamebere bikenye kw’isi.

Yavuze yo yizera kw’ibi bihe vy’amatora bizobandanya mumahoro n’umutekano, kandi ukwo biri kwose intsiinzi niy’umwe, uwo nawe akaba ari Nijeri.

Ayo matora agizwe n’abandi bakandida 14 bahiganwa na Issoufou, muribo hakaba harimwo Seyni Oumarou, umukuru w’urunani rutavuga rumwe na reta.

XS
SM
MD
LG