Uko wahagera

Siriya: Infashanyo Iritezwe mu Bice Bisinzikaye


Bitegekanijwe kw’imodoka zitwaye ibifungurwa n’imiti zija uno musi ku wa gatatu mu bice bigeramiwe n’intambara mu gihugu ca Siriya, aho abantu ibihumbi n’ibihumbi badashobora kuronka ivyo bakeneye.

Igikorwa c’ugutanga infashanyo biri mu masezerano hagati ya reta ya Siriya n’ishirahamwe mpuzamakungu.

Iyo nfashanyo iriko irungikwa vmu bice indwi, harimwo Madaya na Zabadani hafi y’umurwa mukuru, hamwe na Foua na Kefraya mu ntara ya Idlib iri mu buraruko bwa Siriya.

Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakxungu ONU, muri Siriya, Staffan de Mistura, yatangaje ejo ku musi wa kabiri inyuma y’imibonano ku murwa mukuru, Damas ko gutanga infashanyo ari igipimo c’ukwiyemeza kwa Reta ku vyerekeye kurekurira ishirahamwe ONU guha infashanyo abanyagihugu, n’ukubashikira.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Siriya, bwishuye uno musi ku wa gatatu mu kuvuga ko reta itarindira uwariwe wse kuyibutsa ivyo itegerezwa kuronsa abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG