Uko wahagera

Burundi: Biyamirije Perezida Paul Kagame


Imyiyerekano yo kwiyamiriza Perezida w'u Rwanda n'ingabo z'amahoro z'Afurika MAPROBU.
Imyiyerekano yo kwiyamiriza Perezida w'u Rwanda n'ingabo z'amahoro z'Afurika MAPROBU.

Mu Burundi hatunganijwe kur’uno wa gatandatu imyiyerekano yo kwiyamiriza inteko mvamakungu n’igihugu c’u Rwanda.

Abiyekerekanye mu gisagara ca Bujumbura, baje baturuka mu makomine atatau ; ariyo Ntahangwa, Mukaza na Muha. Bari bitwaje ivyandiko, bimwe bimwe muri vyo vyiyamiriza Perezida Paul Kagame w’u Rwanda ko afise intumbero yo gutera Uburundi.

Urugendo rwahereye ku kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi rugana ku nyubwakwa y’ubuserukizi bw’igihugu c’Urwanda. Abari mu myiyerekano baca baricara bahamara iminota itanu, bahava ari uko bahejeje kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu c’Uburundi.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, abakenguzamateka n’abashingamateka batowe muri ico gisagara, abo mu mashirahamwe yigenga , abakozi ba leta n’urwaruka, n’abandi bose bagenda biyamirizaAbayobozi b’u Rwanda.

Kiretse ukwiyamiriza umukuruu Rwanda, abo twavuganye bashikirije ko baje gushimira abakuru b’ibihugu vy'Afurika kubona batemeje umuzo w’abasirikare mvamakungu mu Burundi.

Gusa, hari abatishimiye iyo myiyerekano, barimo umukenyezi twahuriye mu gisagara ca Bujumbura. Yashikirije ko yitunganijwe mu kanywababo, kandi ko ivyashikirijwe ari ibiza vyonona imigenderanire hagati y’ibihugu bibanyi. Ku bwiwe ingorane ziri hagati y’Uburundi n’u Rwanda ntizoca mu ngimba.

Urwo rugendo rwasozerewe ku kivuko c’ikiyaga Tanganyika n’ijambo ry’umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Umushingantahe Freddy Mbonimpa yasubiyemwo ivyashikirijwe n’abari mur’urwo rugendo, kandi atangaza ko ruzoza ruraba buri wa gatandatu inyuma y’ibikorwa rusangi. Urwo rugendo rwabereye kandi mu makomine yose agize igihugu, nkuko vyatangajwe n’umushikiranganji w’Uburundi ajejwe intwaro yo hagati.

XS
SM
MD
LG