Uko wahagera

Bresil Ikaniye Urucandago rwa Zika


Abategetsi b’igihugu ca Brezil batangaje ko bashitse ku masezerano n’ishule kaminuza yo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku vyerekeye gutunganya urucandago rw’ukurwanya umugera wa Zika mu mezi cumi n’abiri ari imbere.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru uno musi ku wa kane, umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Marcelo Castro avuga ko Brezil izokoresha umuliyoni n’ibihumbi amajana icenda y’amadolari. Mu mugambi w’ugukorana hagati ya kaminuza yo muri reta ya Texas n’ikigo kijejwe amagara y’abantu muri Brezil, Evandro Chagas, mu kiringo c’imyaka itanu yimirije.

Castro yatangaje kw’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwashitse ku masezerano y’ugukorana n’ibiro bijejwe kwirinda n’ukurwanya indwara muri Amerika kugira mu bushakashatsi bw’ugutora urucandago rw’ukurwanya umugera wa Zika.

Ejo ku musi wa gatatu, ikinyamakuru c’ivyerekeye amagara y’abantu, "New England Journal of Medicine" co muri Amerika, carasohoye icegeranyo cerekana ivyemezo vy’uko hari isano hagati y’umugera wa Zika n’igitigiri ciyongera c’abana bavukana ubumuga.

XS
SM
MD
LG